Uko wahagera

Reta y’UBumwe Muri Republika Ya Centre Afrika


Michel Am-Nondokro Djotodia (L), umukuru w'urunani Seleka rurwanya ubutegetsii mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika of Central African, ari kumwe na President Francois Bozize (R) igihe c'ibiganiro vy'amahoro n'intunwa za reta hamwe n'abagwanya ubutegetsi , I Libreville mu gihugu ca Gabon.
Michel Am-Nondokro Djotodia (L), umukuru w'urunani Seleka rurwanya ubutegetsii mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika of Central African, ari kumwe na President Francois Bozize (R) igihe c'ibiganiro vy'amahoro n'intunwa za reta hamwe n'abagwanya ubutegetsi , I Libreville mu gihugu ca Gabon.

Reta y’Ubumwe igihe gutangura mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika.

President w’ico gihugu, yaraye atanguye gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro yapfunditswe n’abarwanya ubutegetsi, asaba ko haba reta y’ubumwe.

President Francois Bozize yatangaje ko yakuye reta yo mur’iki gihe, kandi kw’iyo ngingo iciye ishirwa mu ngiro bunonyene. Yongeye avuga kw’umushikiranganji wa mbere mushasha azogenwa n’abatavuga rumwe na reta.

Amakuru yerekeye ayo masezerano y’igihugu ca Republika ya Centre Africa yapfunditswe igihe c’ibiganiro vyabereye mu gihugu ca Gabon, avuga kw’umushingantahe Bozize ariwe azoguma ari president. Ayo masezerano afise umugambi wo kugarukana umutekano mur’ico gihugu, inyuma y’aho abarwanya ubutegetsi bafatiye ubutaka bungana n’icagatatu c’igihugu.

Ibitero vy’abarwanya ubutegetsi vyatanguye mu kwezi guheze, vyari bifise umugambi wo gukura ku butegetsi umushingantahe Bozize, ngo kubera yananiwe kwubahiriza ingingo ziri mu masezerano y’amahoro yari yateweko igikumu mu mwaka w’2007 hamwe no mu mwaka w’2008.

Ayo masezerano mashasha avuga kw’umushingantahe Bozize azoguma ku butegetsi gushika arangize ikiringo ciwe mu mwaka w’2016, kandi kw’abatavuga rumwe na reta, aribo bazogena umushikiranganji wa mbere.

Umushikiranganji wa mbere na president Bozize, ntibazoba barekuriwe kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu azokwirikira.
XS
SM
MD
LG