Uko wahagera

Ikiziga c’Umupfasoni w’Umuhindikazi Yafashwe ku Nguvu Caratahukanywe mu Buhindi


Abapfasoni mu Buhindi Baiko Bibuka Umupfasoni w'Umuhindizaki Yafashwe ku Nguvu.
Abapfasoni mu Buhindi Baiko Bibuka Umupfasoni w'Umuhindizaki Yafashwe ku Nguvu.
Ikiziga c’umupfasoni, ifatwa ryiwe ku nguvu, vyatumye haba imyiyerekano, mu gihugu c’Ubuhindi, cashitse, ku murwa mukuru, New Delhi, mu gitondo c’uno musi ku w’Imana.

Uwo mupfasoni, w’imyaka mirongo ibiri n’itatu, yapfiriye, mu bitero vyo muri Singapour, inyuma yuko agize ibikomere, imbere mu mubiri ,no mu bwonko, igihe yafatwa ku nguvu.

Abategetsi b’igihugu c’Ubuhindi bagirije abagabo batandatu, ku rupfu rw’uwo mupfasoni.
Igipolisi catangaje kw’abo bagabo bashobora kuronka igihano c’ugupfa, hamwe bokwagirwa n’ivyaha bagirizwa.

Abantu barakije amabuji, mu kwibuka uwo mupfasoni, ku murwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi ,no mu bindi bisagara bitari bike, vyo mu gihugu c’Ubuhindi.

Abari mu myiyerekano, basavye kw'ubutungane bwokwubahirizwa, kuri uwo mupfasoni n’umutekano w’abapfasoni.

Umurwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi, waranzwe n’imyiyerekano ikomeye, kuva uwo mupfasoni afashwe ku nguvu, kw’italiki cumi na zitandatu, z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Uwo mupfasoni avugwa ko, hamwe n’umugenzi wiwe w’umugabo, bari muri bus, ku murwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi, igihe abagabo batandatu bari muri iyo bus babakubita.

Uwo mupfaini akaba yafashwe ku nguvu, incuro nyinshi. Mu nyuma yaho, uwo mupfasoni n’umuge nzi wiwe baratawe hanze y’iyo bus, iriko iragenda.
XS
SM
MD
LG