Uko wahagera

Preida w’Uburusiya, Vladimir Putin Afise Imigambi y’Ugutera Igikumu kw’Itegeko Riziririza Abanyamerika Kurera Abana b’Abarusiya


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje kw'afise imigambi y’ugutera igikumu kw’itegeko riziririza Abanyamerika kurera abana b’Abarusiya, itegeko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivugako ridatumbereye.

Mu nama yarekanywe, kuri televiziyo, ejo ku musi wa kane, prezida Putin yatangaje kw’atabona impamvu nimwe yotuma atoshobora gutera igukumu, kuri iryo tegeko, akaba yamenyesheje kw’afise imigambi y’ukuriterako igikumu.

Inama nshingamateka y’Uburusiya yemeje, ubwa nyuma, iryo tegeko, ku musi wa gatatu. Ico iryo tegeko rikeneye, muri iki gihe, n’uguterwako igikumu na prezida Putin, kugira rije mu ngiro.

Iryo tegeko ribonwa kw’ari ukwishura, kw’itegeko ryateweko igikumu na prezida wa Amerika, Barack Obama, muri uku kwezi, riziririza visas, rikongera rigafatira ibihano ku bijanye n’amafranga, abategetsi b’igihugu c’Uburusiya, bagirizwa ko baryoza agateka ka muntu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Alexander Lukashevich, yatangaje ejo ku musi wa kane, kw’inama nshingamateka yishuye, mu buryo bukwiriye, mu kwemeza iryo tegeko.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yavuze kw’Abanyamerika batafashe neza abana b’Abarusiya bemeye kurera
XS
SM
MD
LG