Uko wahagera

Prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma Yaragendeye Mandela mu Bitaro


Nelson Mandela
Nelson Mandela
Prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma yatangaje kw’amagara ya Nelson Mandela yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo ameze neza kurushiriza, inyuma amaze ikiringo kirenga indwi zibiri mu bitaro mu gisagara ca Pretoria.

Ivyo Jacob Zuma yabitangaje ejo ku musi wa kabiri, inyuma yuko agendeye Mandela muri iki gihe afise imyaka mirongo icenda n’ine. Prezida Zuma yatangaje Mndela yanezewe n’ukuronka abashitsi, akaba yari amze neza.

Muri ico gihe, abantu amajana n’amajana baritavye ejo ku musi wa kabiri imisa ya Noel y’ugusabira Mandela, ariko atora imitende inyuma y’ibibazo vyo mu mahaha.
Bamwifurije gukira ningoga.

Nelson Mandela muri iki gihe afise imyaka mirongo icenda n’ine yakiwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria, kw’italiki umunani z’uku kwezi kw’icumi na kabiri.

Mandela yaronse agahsimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, yabaye prezida wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’epfo mu mwaka w’1994, inyuma yuko amaze imyaka mirongo ibiri n’indwi mu munyororo kubera yagwanya intwaro ya Aparteid.

Amagara yiwe yagiye aragabanuka mu myaka irangiye.
XS
SM
MD
LG