Uko wahagera

Ibitero vy’Indege z’Ingwano z’Igihugu ca Syria Vyahitanye Abantu Mirongo Itandatu


Intumwa y'Amakungu ku Vyerekeye Amahoro muri Syria, Lakhdar Brahimi
Intumwa y'Amakungu ku Vyerekeye Amahoro muri Syria, Lakhdar Brahimi
Abaharanira demokerasi n’agateka ka muntu mu gihugu ca Syria, batangaje kw’ibitero vy’indege z’ingwano za Reta y’ico gihugu, vyahitanye abantu batari bake, mu bice biri mu inwe y’abagwanya ubutegetsi, mu gihugu, mu gihe intumwa mpuzamakungu ku vyerekeye amahoro, Lakhdar Brahimi, yatanguye urundi rugendo, ku murwa mukuru w’igihugu ca Syria, Damas, kugerageza gutorera inyishu ingwano iri muri Syria.

Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu, ku murwa mukuru Damas, batangaje kw‘indege z’ingwano za Reta ya Syria, zateye amabombe, mu kibanza gikora imikate, mu gisagara ca Halfaya, mu ntara ya Hama, ejo ku musi w’Imana, mu vyahitanye vyongera bikomeretsa abantu batari bake.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Syria, rifise icicaro I Londres, mu Bwongereza, The Syrian Observatory for Human Rights, ryamenyesheje kw’indege z’ingwano zagize kandi ibitero mu gisagara ca al-Safira, mu ntara ya Aleppo, mu vyahitanye abantu cumi na batatu canke barenga.

Ico gisagara, kirimwo ikibanza gikomeye c’igisirikare ca Reta, abagwanya ubutegetsi bagerageje gufata, incuro zitari nke.

Amasanamu y’abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu, yashizwe kuri internet, yereka nye ibindi bitero vy’indege z’ingwano, ku nkengera zo mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Syria, Damas, mu gihe inteko za Reta ziriko zigerageza gutuza abagwanya ubutegetsi, barondera gukura ku butegetsi prezida Bashar al-Assad
XS
SM
MD
LG