Uko wahagera

Prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma Yariyemeje Guhindura Ibintu mw’Ikoraniro ry’Umugambwe ANC


Prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma.
Prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma.
Prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yabwiye abanyanyi b’umugambwe ANC, kw’umugambwe ANC ushoboye kuyobora igihugu ca Afrika y’epfo, gikomeye kurusha ibindi bihugu vyo muri Afrika, mu vyerekeye ubutunzi, kandi kw’ihinduka riboneka, mu vyerekeye ubutunzi ryimirije kuba, mu gihe ariko arondera gusubira gutorwa, kugira ayobore umugambwe ANC.

Zuma yashikirije ijambo abaserukiye abandi ibihumbi bine, bari bakoraniye mu gisagara ca Bloemfotein, kugira batore abayobozi b’umugambwe ANC, mu kiringo c’imyaka itanu yimirije.

Yarashigikiye yivuye inyuma ikiringo ciwe ku butegetsi, canebaguwe bikomeye, mu kuvuga ko inyuma yuko Afrika y’epfo ironse demokrasi, ico gihugu citeguriye gushimikira ku vyerekeye gushika ku bwigenge buboneka, mu vyerekeye ubutunzi n’imibano. Prezida Zuma yabwiye abaserukiye abandi, kw’ibivurwa kw’ubutunzi bw’igihugu ca Afrika y’epfo buriko burayanzara, bitagira ishingiro.

Ikiringo ca prezida Zuma ku butegetsi caranzwe n’amarorerwa atari make, akaba yaranabaguwe bikomeye, ku kugene yavyifashemwo, ku bijanye n’ubutunzi. Abirabure imiliyoni n’imiliyoni ,mui Afrika y’epfo, baracari mu bukene, imyaka cumi n’umunani, inyuma yuko umugambwe ANC ufashe ubutegetsi.

Icegera c’umukuru w’umugambwe ANC, Kgalema Motlanthe, yizeye kw’azotsindira kuyobora uugambwe ANC.

Uwo umugambwe ANC uzotora, niwe bisa nuko azoba prezida wa Afrika y’epfo.
Abakwirikirana ibintu benshi, babona kw’ari Zuma azogenwa, kubandanya kuyobora umugambwe ANC. Abaserukira abandi bazotora mu misi iri imbere.
XS
SM
MD
LG