Uko wahagera

Ingaruka z’Ihindagurika ry’Ibihe kw’Isi na Cane Cane mu Bihugu Biri mu Nzira y’Amajambere


Ibihugu bikomakaoye vyo kw’isi n’ibihugu biri mu nzira y’amajambere biherutse guhurira mu gisagara ca Doha kugira birabe ko vyogarukira isi kubera ibangamiwe n’ingaruka zikomeye z’ihindagurika ry’ibihe.

Yamara nta ntambwe ziboneka zashitsweko mu gihe ukutumvikana hagati y’ibihugu ku ngingo zofatwa kubandanya.

Ibihugu vyari mu biganiro vyo mu gisagara ca Doha vyaremeye kwongereza ikiringo c’amasezeranoya Kyoto gushika mu mwaka w’2020.

Ijwi rya Ameria ryaratumiye Cyriaque Mbonabuca ayoboye ishirahamwe ENVIROSAD, n'ukuvuga twese hamwe ku vyerekeye gikingira ibidukikije, amagara n'iterambere rirama na Gaspard Ndikumazambo, wo mu runani, "Reseau de journalistes pour le developement humain" rw'abamenyeshamakuru ku vyerekeye iterambere ry'abanyagihugu hamwe na Emmanuel Cedeni akwirikirana ibijanye n'ihindagurika ry'ibihe kugira bavuge ku kibazo c'ihindagurika ry'ibihe n'ingaruka zayo.
Tubatege amatwi:

please wait

No media source currently available

0:00 0:15:04 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG