Uko wahagera

Amatora Y’Ibwirizwa Nshingiro Mu Gihugu ca Misiri

  • VOA

Abakenyezi b'abanyaMisiri, batonze umurongo, barindiriye gutora mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, ryabayemwo impari nyinshi, rishigikiwe n'abaislamu

Abakenyezi b'abanyaMisiri, batonze umurongo, barindiriye gutora mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, ryabayemwo impari nyinshi, rishigikiwe n'abaislamu

Mu gihugu ca Misiri, igikorwa co kewmeza canke kwankiriza ibwirizwa shingiro rishasha ririmwo impari nyinshi, caraye kirangiye.

Igice c’abanyagihugu bose bo mu gihugu ca Misiri, bafise uburenganzira bwo gutora, barashikirije amajwi yabo ejo ku musi wa gatandatu kur’iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro, ryatumye haba ubwicanyi n’imyiyerekano mur’izi ndwi ziheze.

Abagabo n’abakenyezi bariko batorera ku mashule atandukanyeyo ku murwa mukuru Cairo hamwe no mu zindi ntara icenda. President w’igihugu ca Misiri, Mahamed Morsi, nawe nyene, yaratoye.

Umurongo wagumye uri muremure imbere y’ibibanza vyo gutoreramwo, waratumye abategetsi bongera amasahe ane, ku gihe cagenewe ayo matora.

Ejo ku musi wa gatandatu, urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta rwitwa, The National Salvation Front, rwarareze umugmbwe The Muslim Brotherhood ushigikiye iryo bwirizwa shingiro ririko rirashikirizwa, ko wivye amajwi. Umushingantahe Morsi yahoze ari mu mugambwe Muslim Brotherhood.

Ibindi bice vy’igihugu bitatoye, bizotora ku musi wa gatandatu itariko 22 z’uku kwezi kwa 12. Ayo matora yashizwe ku misi ya gatandatu ibiri ikwirikirana kuko benshi mu bajejwe ubutungane, bari guhagarikira ayo matora nk’uko amategeko abivuga, bagararije akazi.
XS
SM
MD
LG