Uko wahagera

Abagandaguwe Kw’ishule Mu Ntara Ya Connecticut


Lt. J. Paul Vance, umupolisi mukuru wo mu ntara ya Connecticut, ariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu, itariki 15 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu gisagara ca Newtown.
Lt. J. Paul Vance, umupolisi mukuru wo mu ntara ya Connecticut, ariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu, itariki 15 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu gisagara ca Newtown.

Amazina y’abantu baguye mu bwicanyi ntangere mu ntara ya Connecticut, yaratangajwe

Abapolisi bo mu ntara ya Connecticut muri reta zunze ubumwe za amerika, batangaje amazina y’abantu 27, barimwo abana bato 20 bagandawe barashwe ku musi wa gatanu, mu bwicanyi bwababaje amerika yose hamwe n’amakungu.

Umuvugizi w’igipolisi ejo ku musi wa gatandatu niho yatangaza ayo mazina, yongera arasaba abamenyeshamakuru bari mur’ico gisagara ca Newtown co mur’io ntara cahekuwe, kwubahiriza umubabaro n’abagacerere, imiryango yabuze, irimwo.

Urwo rutonde rurimwo abana b’abakobwa 12 hamwe n’abana b’abahungu 8, bose bafise imyaka iri hagati y’6 n’7, kandi biga mu mwaka wa mbere. Abantu batandatu bakuze bagandaguwe, bose bar’abakenyezi.

Imbere y’aho, umuganga mukuru wo mu ntara ya Connecticut yasuzumye abakomeretse hamwe n’abagandaguwe, H. Wayne Carver, yavuze ko we hamwe na bagenzi biwe bakorana, bakoze ijoro ryose bariko bararangura igikorwa co gusuzuma abagandaguwe hamwe n’abakomeretse. Yavuze kw’abantu bose bishwe, barashwe insoro nyinshi, hakoreshejwe inkoho ndende yo mu bwoko Bushmaster AR-15, nk’uko vyari vyatangajwe mbere.

Amakuru yari yatangajwe imbere y’aho, yavuga kw’inkoho zibiri ngufi za Semi- automatic zari kumwe n’iyo nkoho ndede, zose zirambitse iruhande y’ikiziga c’uyo muntu yakoze iryo bara, mu modoka yiwe.

Abategetsi bavuga kw’uyo mugambi yakoze iryo bara, yapfiriye mur’ico kibanza nyene, yirashwe.

Umuganga Carver yavuze kandi kw’ isuzumwa ry’ikiziga c’uyo mugabo yarashe abo bantu bose, bavuga ko yitwa Adam Lanza afise imyaka 20 hamwe n’isuzumwa ry’ikiziga ca nyina wiwe, nawe nyene yishwe n’uyo muhungu wiwe mu kindi kibanza, imbere y’uko aja kwica abo bandi bantu kur’iryo shule, rihava riba uyu musi ku wa mungu.

Ejo ku musi wa gatandatu mu gitondo, abapolisi baratangaje kw’uyo mugabo yatikije inganda, atahawe uburenganzira bwo kwinjira mur’iryo shule ryitwa Sandy Hook Elementary School ku musi wa gatanu, nk’uko vyari vyatangajwe.

Abapolisi ntibatangaje ingene yinjiye mur’iryo shule, bakaba bavuga ko bakiriko barabitohoza.

Abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika, gushika ubu, ntibarashobora kumenya icatumye uyo mugambi atikiza inganda: Ubwo bwicani bwaberereye ku birometero 130 vy’igisagara ca New York City.
XS
SM
MD
LG