Uko wahagera

Ishirahamwe “Kazoza” Rifasha Imiyabaga y’Abarundi Kwiteza Imbere


Florian Bizindavyi Ayoboye Ishirahamwe,"Kazoza"
Florian Bizindavyi Ayoboye Ishirahamwe,"Kazoza"
Ishirahamwe, “Kazoza” n’ishirahamwe ridakorera inyungu ryashizweho kugira rifashe gushiraho uburyo n’iterambere rizorama mu Burundi.

Ivyo bica mu gufasha n’ugushira mu ngiro iigambi zorama mu Burundi.

Ishirahamwe Kazoza ryashinzwe n’Abarundi baba mu gihugu ca Canada bafashe ingingo y’ugushira hamwe inguvu zabo n’ubuhinga bwabo kugira biyumvire uburyo bw’uguteza imbere iyindi miyabaga mu Burundi.

Ishirahamwe, “Kazoza” ryahisemwo gushimikira ku bakiri bato mu Burundi, kubera aribo Burundi bw’ejo mu gutuma bashobora gushiraho imigambi yerekeye iterambere.

Ishirahamwe, “Kazoza” ryarashizeho ikigega kijejwe gutuma abakiri bato bafise imigambi yerekeye iterambere bashobora kuronka ingurane mu Burundi.
please wait

No media source currently available

0:00 0:14:27 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG