Uko wahagera

Umuyobozi W’umurwi Hamas, Khaled Meshaal Yariyemeje Kw’atazokwigera Yemera Igihugu ca Israel


Umuyobozi w'Umurwi Hamas, Khaled Meshaal
Umuyobozi w'Umurwi Hamas, Khaled Meshaal
Umuyobozi w’umurwi Hamas, Khaled Meshaal, yariyemeje ko atazokwigera ahebera igihugu ca Israel ubutaka, ubwaribwo bwowe , canke yemera igihugu ca Israel, mw’ijambo yashikirije mu ntara ya Gaza, ku musi w’ukwibuka imyaka mirongo ibiri n’itanu irangiye umurwi Hamas ushizweho.

Mw’ijambo yashikirije abantu barenga ibihumbi ijana, mu gisagara ca Gaza City, Meshaal yavuze ko Palestina ari iy’Abanyapalestina, kuva kw’ibahari Mediterranee gushika ku ruzi Jordani. Yavuze ko Palestina izoguma ari intara y’Abarabu irangwa n’idini rya Islam
.
Yongeye kandi avuga ko kwivuna umwansi aribwo buryo bwonyene Abanyapalestina bafise kugira basubire ku burenganzira bwabo.

Nirwo rugendo rwa mbere Meshaal yari agize, mu ntara ya Gaza.
Ikoraniro ryejo ku musi wa gatandatu ryabaye indwi zibiri gusa inyuma y’agahengwe kahagarikiwe n’igihugu ca Misiri gahagaritse ingwano, hagati ya Israel n’intara ya Gaza.

Meshaal yarahayagije ukwivuna kw’Abanyapalestina, muri iyo ngwano yamaze imisi umunani.
XS
SM
MD
LG