Uko wahagera

Umurwi M23, Waravuye Mu Gisagara ca Goma


Aabrwanyi b'umurwi M23, bariko barava mu gisagara ca Goma ku musi wa gatandatu
Aabrwanyi b'umurwi M23, bariko barava mu gisagara ca Goma ku musi wa gatandatu

Ishirahamwe ONU, ryatangaje kw’abarwanya, bavuye mu gisagara ca Goma. Ejo ku musi wa gatandatu.

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, bashika 300 baravuye mu gisagara ca Goma, kiri mu buseruko bw’igihugu: igisagara kirimwo ubutare bwinshi, bari bafashe hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika ari mu gisagara ca Goma, Gabe Joselow, avuga kw’abarwanya ubutegetsi bariko bagenda bagana uburaruko bw’igisagara ca Kibumba, bari mw’ibarabara baciyemwo igihe binjira gufata igisagara ca Goma, mu ndwi zibiri ziheze.

Abarwanya ubutegetsi baremeye kuva mur’ico gisagara, kugira ngo baje ku birometero 20, kure yaco, nk’uko amasezerano yapfunditswe n’abategetsi bo mu ntara, abivuga.

Umuvugizi w’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu zijejwe gucungera umutekano mu gihugu ca Congo, Kieran Dwyer, yarashimye iyo ngingo yo kuva mu gisagara ca Goma, yamara yaragabishije avuga kw’iyo ngingo ar’intambwe ya mbere, ariko kw’umutekano mur’iyo ntara, utaratsimbatara.

Yavuze ko bihambaye cane kw’abarwanyi bo mu muhari M23 bubahiriza amasezerano yo kuva mur’ico gisagara, yapfunditswe n’abategetsi bo mur’iyo ntara, mur’iki gihe ingingo zo gutorera umuti ubutagisubinyuma ibibazo vyose, zibandanya kwigwa.

Ku bimwerekeye, umuvugizi w’abarwanya ubutetsi Sultani Makenga, yaragabishije ejo ku musi wa gatandatu, ko mu gihe president Joseph Kabila atokwubahiriza amazerano yapfunditswe, abasirikare biwe biteguriye kuzoca basubira mur’ico gisagara.

Abarwanyi bo mu muwi M23, bahora bari mu mirwi irwanya ubutegetsi yinjijwe mu gisirikare ca Congo, gushika mu ntango z’uyu mwaka, igihe bava mu gisirikare, bidoga ko bakumirwa kandi bafatwa nabi.
XS
SM
MD
LG