Uko wahagera

Inama Rusangi y’Ishirahamwe Mpuzamakungu O-N-U Yaremeje Ukwisununura kw’Igihagararo c’Abanyapalestina mw’Ishirahamwe O-N-U

  • VOA Africa

Abanyapalestina Bariko Barahimbaza Ukwisununura Kwabo mw'Ishirahamwe O-N-U.

Abanyapalestina Bariko Barahimbaza Ukwisununura Kwabo mw'Ishirahamwe O-N-U.

Inama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yaratoye n’amajwi menshi cane, kwemeza Igihugu ca Palestina, ko kizoba gifise uburenganzira bw’ugukwirikirana ibikorwa vy’ishirahamwe O-N-U, mu bitazoba biri ka burorerezi, yamara kitazoba kiri, mu muryango w’iryo shirahamwe .

Harabaye akamwemwe, mu nama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu, inyuma yuko iyo ngingo yemejwe, ejo ku musi wa kane, n’amajwi ijana na mirongo itatu n’umunani ku majwi icenda, mu gihe ibihugu mirongo ine na kimwe, vyihojeje gutora.

Abanyapaletina, mu ntara ya Ramallah, mu ntara ya Cisjordaniya, barerekanye akamwemwe kenshi cane, aho bagwanye mu nda, bongera bavuza amahoni y’imodoka, inyuma y’ingingo y’ukwemera Abanyapalestina, nk’igihugu gishobora gukwirikirana ibikorwa vy’ishirahamwe O-N-U mu bitari ka burorerezi, yamara kitari mu muryango w’ibihugu bigize ishirahamwe O-N-U.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, yatamngaje, kw’iyo ngingo, yerekana igikorwa cihutirwa ,c’ugusubira kubandanya ibiganiro vy’ukuri, hagati ya Israel n’Abanyapalestina.

Yasavye impande zose, gusubira kwiyemeza, ku veyerekeye amahoro, aciye mu biganiro.

Yamara intumwa ya Amerika mw’ishirahamwe O-N-U, Susan Rice, yavuze kw’iyo ngingo ibabaje, kandi ko itazoshika, kuvyo abantu biteze, mu kuvuga kw’ishiraho intambamyi kurushiriza, mu nzira y’amahoro.
XS
SM
MD
LG