Uko wahagera

Amabombe Yaraturitse ku Murwa Mukuru wa Syria, Damas Yahitanye Abantu mirongo Itatu na Bane Canke Barenga


Umuntu Yakomeretse mu Gitero ca Bombe ku Murwa Mukuru wa Syria, Damas Ejo Ku Musi wa Gatatu, italiki 28 z'Ukwezi kw'Icumi na Rimwe, umwaka w'2012.
Umuntu Yakomeretse mu Gitero ca Bombe ku Murwa Mukuru wa Syria, Damas Ejo Ku Musi wa Gatatu, italiki 28 z'Ukwezi kw'Icumi na Rimwe, umwaka w'2012.
Ibitero vy’amabombe, vyarabaye, mu gice co ku nkengera z’umurwa mukuru w’igihugu ca Syria, Damas, mu vyahitanye abantu mirongo itatu na bane canke barenga.

Televiziyo ya Reta y’igihugu ca Syria, yarerekanye amasanamu y’ivyo bitero, n’aho vyabereye, mu gice kibamwo ahanini n’Abakristu n’Abadruze.

Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu, batangaje ko hari kandi ibimenyetso ko hari ayandi mabombe yaturitse, naho ivyuko hari aboba barakomeretse bidatomoye.

Itororkanirizo ry’amakuru rya Reta, SANA, ryavuze kw’ivyo bitero vy’amabombe, vy’ejo ku musi wa gatatu, ari igikorwa c’abagira iterabwoba, ijambo Reta y’igihugu ca Syria ikoresha, mu kuvuga abagwanya ubutegetsi.

N’ubugira kabiri, ico gice c’umurwa mukuru Damas, kigirwamwo ibitero vy’amabombe, mu mezi atari make arangiye.

Imwe mu mirwi irwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Syria, yarashize amasanamu ya video, ku kibanza ca internet, yerekana indege y’ingwano ya Reta yakorowe, umudereva wayo yafashwe. Ayo masanamu ntashobora kwemezwa n’inkuru zigenga.
XS
SM
MD
LG