Uko wahagera

Abashingamateka bo Mu Mugambwe w’Abarepublika Batangaza ko Susan Rice Yatanze Amakuru Atariyo Ku Vyerekeye Igitero co Mu Gisagara ca Benghazi


Ambassadeur wa Amerika Mw'Ishirahamwe Mpuzamakungu, O-N-U, Susan Rice
Ambassadeur wa Amerika Mw'Ishirahamwe Mpuzamakungu, O-N-U, Susan Rice
Abasenateri batatu b'Abarepublika, bo muri Amerika, batangaje ko bataranyurwa, ku vyashikirijwe na Ambassaderi wa Amerika, mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Susan Rice, ku vyerekeye igitero cihaye inkumbi, cagizwe kuri Consulat ya Amerika, mu gisagara ca Benghazi, mu gihugu ca Libya.

John McCain, wo mu ntara ya Arizona, Lindsey Graham, wo mu ntara ya South Carolina, na Kelly Ayotte, wo mu ntara ya New Hampshire, barashiirije amajambo, inyuma y’inama yabaye, mu mwiherero, ejo ku musi wa kabiri, na Susan Rice, ashobora kugenwa kuba Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika.

Abo bashingamateka batangaje ko Susan Rice yahaye amakuru atariyo abizi Abanyaamerika, ku gitero cabaye kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda, cahitanye Ambassadeur wa Amerika, Christopher Stevens, n’abandi Banyamerika batatu.

Umushingamateka, Kelly Ayotte, wo mu ntara ya New Hampshire, yatangaje ko vyagaragara, inyuma y’ico gitero, kw’abakiguizemwo, uruhara bakorana n’umurwi al-Qaida.
XS
SM
MD
LG