Uko wahagera

Abakuru b’Ibihugu vyo Muri Afrika Basavye Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo Kuva mu Bice Baherutse Gufata


Abanyagihugu mu Mabarabara yo mu Gisagara ca Goma, muri Congo
Abanyagihugu mu Mabarabara yo mu Gisagara ca Goma, muri Congo
Umurwi w’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika barahuye ejo ku musi wa gatandatu kugira batorere inyishu ikibazo c’abagwanya ubutegetsi muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, bakaba basavye abagwanya ubutegetsi guhagarika ibikorwa vyose vya gisirikare bakava mu gisagara ca Goma bafashe mu ntango z’iyi ndwi.

Itangazo basohoye ejo ku musi wa gatandatu rayasavye kandi abagwanya ubutegetsi kureka kuvuga ko bashaka kutembagaza Reta ya Congo.

Abaprezida b’ibihugu vya Uganda, Kenya, Tanzania na Republika iharanira demokrasi ya Congo barahuriye ku murwa mukuru w’igihugu ca Uganda, Kampala, yamara prezida w’Urwanda, Paul Kagame ntiyari muri iyo nama yarungitse umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Louise Mushikiwabo.

Inama y’I Kampala yabaye mu gihe hari amakenga yuko abagwanya ubutegetsi bateye bigira imbere mu buseruko bwa Congo nuko habaye ihinduka mu gisirikare ca Congo.

Prezida wa Congo, Joseph Kabila yarirukanye umukuru w’igisirikare yagirijwe ko yagurishije ibigwanisho ku mirwi igwanya ubutegetsi mu buseruko bw’igihugu.

Ikurwa rya General Gabriel Amisi vyabaye imisi itatu inyuma yuko abagwanya ubutegetsi bwa Congo bo mu murwi M23 batsinze inteko za Reta ya Congo bagafata igisagara ca Goma mu buseruko bw’igihugu.
XS
SM
MD
LG