Uko wahagera

Ingwano Mu Gihugu Ca Congo Iharanira Demokrasi

  • VOA Division

Ingwano mu gihugu ca Congo

Ingwano mu gihugu ca Congo

Abarwanya ubutegetsi M23, baraye bafashe igisagara gishasha.

Indege za kajugujugu z’ishirahamwe mpuzamakungu zarananiwe kubuza abagwanya ubutegetsi gufata ikindi gisagara co mu buseruko bw’igihugu ca Republika ya congo iharanira Demokrasi.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu yavuze kw’abarwanyi bo mu murwi M23 batanye mu mitwe n’abasirikare ba reta ya Congo ejo ku musi wa gatandatu, gushika aho bafata igisagara ca Kibumba, kiri ku birometero 30 vy’ umurwa mukuru w’intara ya Kivu ya ruguru, Goma.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, barahunze ico gisagara, mur’iki gihe hari amakuru avuga kw’abarwanya ubutegetsi bashobora gufata igisagara ca Goma.

Iyo ngwano yasubiye kwaduka hagati y’abarwanya ubutegetsi hamwe n’abasirikare ba Congo, yatanguye ku musi wa kane.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mur’iyo ntara, Monusco, vyatangaje kw’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23, bakoze ibitero bikomeye ejo ku musi wa gatandatu, bakoresheje ibigwanisho bikomeye. Yamara ntiyashoboye kwemeza amakuru yatangajwe, avuga kw’abasirikare b’igihugu c’Urwanda, binjiye mu gihugu ca Repblika ya Congo iharanira demokrasi, bagiye gufasha abarwanya ubutegetsi.

Umuvuguzi w’ishirahamwe mpuzamakungu yavuze kw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, Ban Ki-moon, yavuganye na president w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame, ngo araheza aramusaba gukoresha igihagararo ciwe ku bagwanya ubutegesi bo mu muhari M23, kugira ngo umutekano ugaruke mur’iyo ntara.

XS
SM
MD
LG