Uko wahagera

Abantu Baba Mu Ntara Za New York Na New Jersey Bahanganye n’Igihuhusi Gishasha


Qrim
Qrim
Abantu baba mu ntara za New York na New Jersey biteguriye ibindi bihe bibi mu gihe igihuhusi kirimwo umuyaga n’ibarafu bita neige muri rurimi rw’igifransa biriko bija muri ako karere kakiriko karahangana n’inkurikizi z’igihuhusi gikomeye Sandy casinzikaje ako karere.

Mu gihe ico gihuhusi gishasha kidafise inguvu nk’iz’igihuhusi Sandy, abakwirikira ivyerekeye ibihe bavuga kw’ico gihuhusi ciswe, “Nor’easter’ kirimwo imiyaga n’imvura bikomeye muri ako karere na neige nyinshi.

Igisagara ca New York carugaye ama parks n’ibice vyegereye ibahari, ico gisagara kikaba categetse abakozi bakora mu gisata c’ukwubaka kuva mu bibanza biberamwo ibikorwa vy’ukwubaka.

Abantu barakuwe mu bibanza bine abantu bivurizamwo mu gisagara ca New York , mu gihe abategetsi bo mu gisagara ca New Jersey bategetsi ababa mu bisagara bibiri vyegereye amazi kuja mu bice bihanamye.
XS
SM
MD
LG