Uko wahagera

Inyubakwa Irimwo Amamangazini Abantu Baguriramwo Ibintu Yarasenyutse I Accra Muri Ghana


Abajejwe Gutabara Bariko Barondera Abafatiwe mu Nyubakwa Irimwo Mamangazini Abantu Baguriramwo Ibintu Yasenyutse i Accra Muri Ghana
Abajejwe Gutabara Bariko Barondera Abafatiwe mu Nyubakwa Irimwo Mamangazini Abantu Baguriramwo Ibintu Yasenyutse i Accra Muri Ghana
Abajejwe gutabara barakuye abantu mirongo itatu n’umunani mu bisigarira vy’inyubakwa irimwo amamangazini ikomeye yasenyutse ku murwa mukuru w’igihugu ca Ghana, Accra.

Umukuru w’igipolisi co muri ako karere, Patrick Timbillah, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’umuntu umwe yemejwe ko yahitanywe n’isenyuka ry’inyubakwa irimwo amamangazini. Igipolisi catangaje imbere yahoo kw’abantu batatu bapfuye.

Inyubakwa irimwo amamangazini abantu baguriramwo ibintu ya etages zitandatu yasenyutse giturumbuka ejo ku musi wa gatatu mu gitondo mu gihe abantu bagera kuri mirongo itanu bari muri iyo nyubakwa.

Abajejwe gutabara bakoresheje imashini bita “Grues” na Bulldozers n’iminwe yabo mu kigoro k’ugushikira aboba barokotse. Nta vyatangajwe buno nyene ku catumye iyo nyubakwa isenyuka. Iyo nyubakwa irimwo amamangazini yubatswe mu mwaka uheze.

Prezida w’igihugu ca Ghana, John Dramani Mahama yarahagaritse urugendo rw’ukwiyamamaza yarimwo mu buraruko bw’igihugu ca Ghana agaruka ku murwa mukuru wa Ghana, Accra.
XS
SM
MD
LG