Uko wahagera

President Obama Mu Ntara Ya New Jersey.


Obama agendera intara ya New Jersey yasinzikajwe n'igihuhusi Sandy
Obama agendera intara ya New Jersey yasinzikajwe n'igihuhusi Sandy
Umushingantahe Barack Obama yaragiye kwiranira ivyononekaye mu gisagara ca Brigantine, kiri ku nkengera y’amazi, aho yatanze umuhango w’imfashanyo reta izoha intara ya New Jersey.

President Obama yagize ati: Turi inyuma yanyu kandi ntitozokwibagira. Ati Tuzobandanya dukwirikirana kugira ngo tumenye ko mwaronse imfashanyo mukeneye, gushika igihe muzoba mumaze gusanura ivyasambutse.

President Obama yamaze amasaha atari make ariko arirabira ivyasambuwe n’umuyaga w’igihuhusi hamwe n’imvura y’agakura, vyahitanye ubuzima bw’abanyagihugu, bigatera n’isegenya, bikongera bigaca umuyagankuba mu ntara zitari nke zo mu buseruko bwa reta zunze ubumwe za amerika.

Umushingantahe Obama yavuze kw’azokora ibishobotse vyose kugira ngo amashirahamwe ya reta ajejwe kugarukira imbabare, akwirikirane ibikorwa vyo gusubira kwubaka ivyasambutse.

Ico kiza casinzikaje intara zitari nke muri reta zunze ubumwe za amerika, caratumye abanyapoltike batahora bavuga rumwe, president Barack Obama hamwe na bulamatari w’intara ya New Jersey, Chris Christie, bakorera hamwe.

Bulamatari Christie ashigikiye cane umunyapoltike Mitt Romney ariko arahiganwa na president Obama, niwe yagiye imbere ya president mu kumwereka ivyononekaye mu ntara yiwe, yongera aramushimagiza ku kuntu yafashije mu kugarukira ku ntara yiwe.

Bulamatari Chris Christie yagize ati: Birahambaye cane kuba twakoranye na president mu gikorwa twashinzwe n’abanyagihugu badutoye ; Ati simvise amajambo akwiye yo gushimira president ku kuntu yitanze ubwiwe, n’umutima w’urukundo mu gufasha intara yacu hamwe n’abanyagihugu bayo:

President yavuze kw’utwiro two kugarukira imbabare, tuzoshimikira cane cane ku ntara ya New Jersey, Connecticut hamwe na New York, cane cane mu gisagara ca New York. Yaremeye kandi gufasha intara ya West Virginia, aho umuyaga w’igihuhusi, wahuye n’ibihe bikanye cane, bigaca bivamwo rwa rubura rwo mu bihe bikanye bita neige.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:03 0:00
Ibishamikiyeho

Tukiri kandi kur’iyi nkuru yerekeye ikiza c’igihuhusi n’imvura y’agakura, vyasinzikaje intara zitari nke zo mu buseruko bwa Reta zunze ubumwe za amerika, twaraganiye na Albert Nyagamukenga, aba I New York muri komine ya Queens, araheza aratubwira ukuntu ibintu vyifashe:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:30 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG