Uko wahagera

Igihuhusi Sandy Kiriko Gitera Kija mu Buseruko bwa Amerika

  • VOA Africa

Isanamu y'Igihuhusi, Sandy

Isanamu y'Igihuhusi, Sandy

Abantu baba mu karere ko mu buseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, baragabishijwe, mu gihe igihuhusi Hurricane Sandy kiriko gitera kiduga mw’ibahari Atlantike, hafi y’inkengera z’akarere ko mu buseruko bwa Amerika.

Abakwirikirana ivyerekeye ibihe bo mu kigo, National Hurricane Center, batangaje ko batiteze kw’inguvu z’igihuhusi Sandy zigabanuka, mu gihe gitera kigana ibice vyegereye ibahari, vy’intara za Delawere, Maryland na Virginiya.

Abantu bagera ku milioni mirongo itandatu, bashobora kwitega imiyaga ikomeye, imvura y’isegenya, umwuzurane w’amazi na neige. Abategetsi bariko basaba abanyagihugu kubonako bafise mu bubik,o amazi y’ukunywa, ibifungurwa n’amabatari, n’ukwitegurira kumara imisi itari mike ata muyagankuba bafise.

Igihuhusi Sandy carageramiye akarere ka Caraibes, mu ntango z’iyi ndwi, aho cahitanye abantu mirongo ine na batatu, mu mazinga ya Bahamas, muri Cuba, Jamaique na Haiti.
XS
SM
MD
LG