Uko wahagera

Syria Yaratangaje Agahengwe ka Eid al-Adha Gushika ku Musi wa Mbere


Intumwa y'Amakungu muri Syria, Lakhdar Brahimi
Intumwa y'Amakungu muri Syria, Lakhdar Brahimi
Igisirikare c’igihugu ca Syria catangaje ko kizohagarika ibikorwa vya gisirikare, kugira gihimbaze akaruhuko k’Aba Islamu ka Eid al-Adha, mu gutangaza agahengwe, kuva uno musi ku wa gatanu, gushika ku musi wa mbere, yamara igisirikare ca Syria catangaje ko kizogumana uburengenzira bw’ukwishura, ku bitero vy’abagwanya ubutegetsi.

Mw’itangazo ryasomwe kuri Televiziyo ya Reta, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kane, igisirikare ca Reta ya Syria camenyesheje kizokwishura, niyo imigwi igira iterabwoba, yagerageza gukomeza ibirindiro vyayo.

Igisirikare ca Reta ya Syria congeye kiragabisha ibihugu bihana imbibe, ku vyerekeye kworohereza abagwanya ubutegetsi, kwinjira ku butaka bwa Syria, mu kiringo ca Eid al-Adha.

Umusurikare mukuru w’abagwanya Reta ya Syria, yatangaje kw'abagwanyi biwe bazokwiyemeza, ku vyerekeye agahengwe, ko yamara ko bazokwishura, ku bitero ivyarivyo vyose. Impande zose zararenze ku masezerano y’uguhagarika ingwano, yumvikanyweko imbere yaho.

Imbere yaho, inteko zigwanya Reta, zarafashe ibice bitari bike, vyo mu gisagara ca Aleppo, kiri mu buraruko bw’igihugu ca Syria.
XS
SM
MD
LG