Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama n’Uwo Bahiganwa, Mitt Romney Bariko Barazunguruka Igihugu Cose Barondera Amajwi


Prezida Barack Obama n'Umutambukanyi wiwe, Michelle Obama n'uwo Bahiganwa, Mitt Romney and n'Umupfasoni wiwe, Ann Inyuma yuko Barangije Guharira mu Ntara ya Florida, kw'Iitaliki 22 z'Ukwezi kw'Icumi.
Prezida Barack Obama n'Umutambukanyi wiwe, Michelle Obama n'uwo Bahiganwa, Mitt Romney and n'Umupfasoni wiwe, Ann Inyuma yuko Barangije Guharira mu Ntara ya Florida, kw'Iitaliki 22 z'Ukwezi kw'Icumi.
Mitt Romney ahiganirwa kuba prezida wa Amerika, ku ruhande rw’umugambwe w’Aba Republicains, yatangaje kw’imigambi ya prezida Obama y’ugutuma ubutunzi butera buja imbere, ataho itaniye n’imigambi yiwe y’imbere yaho, mu gihe binjiye mu gice ca nyuma c’igikorwa cabo c’ukwiyamamariza amatora yo kw’italiki zitandatu z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Romney yabwiye abariko baramwumviriza, mw’ikoraniro yagirishije mu gisagara ca Reno, mu ntara ya Nevada, ejo ku musi wa gatatu, kw’imigambi yiwe izonagura ubutunzi bwa Amerika ,buriko burikwega mu gihe, azotuma amafranga Reta ikoresha, atarengera ayo yinjiza.

Romney azogirisha amakoraniro mu ntara ya Iowa, intara iriko ihiganirwamwo bikomeye, aho prezida Obama yatanguye imisi ibiri y’ukwiyamamaza, ejo ku musi wa gatatu.

Prezida Obama yabwiye abariko bamwumviriza, mw’ikoraniro yagirishije, ejo ku musi wa gatatu, ko Romney ariko agerageza kwibagiza Abanyamerika, kw'atagira uruhande na rumwe ahagazeko.

Prezida Obama yatangaje kw’azoguma ashimikira ku migambi, iriko ituma Amerika iva mu bibazo vy’ubutunzi.

Prezida Obama azogenda kandi mu ntara za Colorado, Nevada, Floroda, Virginia, Ohio no mu ntara yiwe ya Illinois, aho yatangaje kw’azotora, imbere y’igihe.
XS
SM
MD
LG