Uko wahagera

Umwishwa n’Umuganga wa Prezida w’Igihugu ca Benin, Thomas Boni Yayi Baragirijwe Kuba Bagerageje Kumuha Isumu.


Prezida wa Benin, Thomas Boni Yayi
Prezida wa Benin, Thomas Boni Yayi
Umwishwa n’umuganga wa prezida w’igihugu ca Benin, Thomas Boni Yayi bari mu bantu batatu bagirijwe ko bagerageje kumuha isumu mu guhindura umuti yafata.

Umushikirizamanza wa Reta, Justin Gbenameto, yatangaje kw’umwishwa wa prezida Yayi n’umuganga wiwe, hamwe na Moudjaidou Soumanou, yigeze kuba umuhsikiranganji ajejwe ubudandaji w’igihugu ca Benin barahagaritswe, bagirizwa ko bagerageje kugandagura prezida Yayi.

Abashikirizamanza batangaje kw’umwishwa wa prezida Yayi, Zouberath Kora n’umuganga wiwe, Ibrahim Mama Cisse, bahawe hafi y’imilioni zibiri z’ama dolari kugira bamuhe isumu mu guhindura umuti prezida Yayi yafata igihe yari yari mu rugendo I Bruxelles muri uku kwezi.

Abajejwe itohoza bamenyesheje ivyo vyamenyekanye inyuma yuko umwishwa wa prezida Yayi, Zouberath Kora, abwiye inshuti yiwe ku vyerekeye uwo mugambi w’uguha isumu prezida Yayi.

Abashikirizamanza batangaje umugambi w’uguha isumi prezida Yayi ushobora kuba watangujwe na Patrice Talon, umugwizatunga wo mu gihugu ca Benin, aherutse kugiranira ibibazo na prezida Yayi. Abategetsi bariko bararondera Talon, ari hanze y’igihugu.

Yayi yabaye prezida w’igihugu ca Benin mu mwaka w’2006. Umwaka wakwirikiye yararusimvye ku gitero cagizwe n’abantu bitwaje ibigwanisho ku modoka zari zimuherekeje.

Yarasubiye gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka uheze.
XS
SM
MD
LG