Uko wahagera

Ibihugu Vyo Mu Karerere Ko Mu Buraruko Bushira Uburengero Bwa Afrika Bisabwa Kwitegurira Guhangana N’inzige.


Igitero c'Inzige mu Gice co mu Bumanuko bwa Madagascar mu Kewzi kwa Gatanu mu Mwaka w'2011
Igitero c'Inzige mu Gice co mu Bumanuko bwa Madagascar mu Kewzi kwa Gatanu mu Mwaka w'2011
Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryaragabishije kw’inzige isinzi zishobora kugenaramira ibiterwa n’ubwatsi bw’inka, mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bwa Afrika.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rijejwe ibifungurwa n’uburimyi, F-A-O, ryatangaje kw'imvura yo mu gihe c’ici, yatumye inzige zigwirirana mu bugararwa, mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bwa Afrika, mu vyatumye ziyongera incuro amajana abiri na mirongo itanu mu bihugu vya Chad, Mali na Niger.

Umutegetsi mukuru ajejwe gukwirikirana ivyerekeye inzige mw’ishirahamwe F-A-O, Keith Cressman, yatangaje kw’izo nzige zishobora vuba kuzotera zija mu bihugu vya Algeria, Libya, Mauritania na Maroc.

Cressman yatangaje kw’ishirahamwe F-A-O ririko rikwirikirana ukwiyongera kw’izo nzige, mu bihugu vya Niger na Chad, yamara abakwirikirana ingize ntibashoboye kwinjira mu buraruko bw’igihugu ca Mali, higaruriwe n’imigwi y’intagondwa z’Aba Islamu.

Inzige zishobora kuguruka ibilometero ijana na mirongo itanu ku musi.
XS
SM
MD
LG