Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama n’Uwo Bahiganwa, Mitt Romney Bariko Bagerageza Kujijura Abatora Bakigonanwa


Prezida wa Amerika, Barack Obama n'Uwo Bahiganwa, Mitt Romney
Prezida wa Amerika, Barack Obama n'Uwo Bahiganwa, Mitt Romney
Mu gihe hasigaye indwi zibiri imbere y’amatora ya prezida muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, prezida Barack Obama, n’uwo bahiganwa Mitt Romney, bariko baratera akamo ka nyuma abatora bakigonanwa k’ukubaha amajwi .

Ivyatohojwe, vyerekana kw’uguhiganwa hagati ya Obama na Romney kwegeranye cane muri iki gihe, kuronka amajwi y’abakigonanwa akaba ari ikintu gihambaye cane.

Mw’ikoraniro yagirishije, mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri, mu ntara ya Florida, imwe mu ntara zishobora kuzogira uruhara rukomeye, mu matora yimirije mu ndwi zibiri, prezida Obama yaranebaguye Romney mu kuvuga ko yahinduye aho ahagaze, ku bibazo bikomeye bitari bike, harimwo igikorwa c’ukwica umukuru w’umurwi al-Qaida, Osama Bin Laden.

Obama yatangaje kw’ata kibazo gikomeye, mu gikorwa c’ukwiyamamariza amatora, kurusha ukwizigirwa. Yamanyesheje ko mu gihe Mitt Romney aguma ahindura aho ahagaze, ko we abatora bashobora kumwizigira, kubera avuga ivyo yemera.
XS
SM
MD
LG