Uko wahagera

Imyiyerekano y’Ukwiyamiriza Indege Zitagir Abadereva za Amerika muri Pakistani.

  • VOA Africa

Indege Itagira umudereva ya Amerika

Indege Itagira umudereva ya Amerika

Abantu amajana n’amajana baharanira demokrasi n’agateka ka muntu barifatanije n’umukinyi rurangiranwa mu rukino rwa cricket yahindutse umunyepolitike, Imran Khan yatanguje imyiyerekano y’ukwiyamiriza ibitero vy’indege za Amerika zitagira abadereva.

Khan n’umuhari wiwe, “Movement for Justice Party” hamwe n’abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu b’I Bulaya na Amerika n’abo mu gihugu ca Pakistani batanguye iyo myiyerekano ejo ku musi wa gatandatu ku murwa mukuru wa Pakistani, Islamabad.

Iyo myiyerekano yagizwe n’abantu bagendera ku mapikipiki yateye yateye ija mu ntara ya Waziristani yo mu bumanuko hafi y’urubibe n’igihugu ca Afghanistani, akarere gakunda kuberamwo ibitero vy’indege zitagira abadereva za Amerika.

Ayaza Gul w’Ijwi rya Amerika,yakwirikiye abari muri iyo miyiyerekano, yavuze kabari muri iyo myiyerekano berekanye ko badashigikiye Amerika.
.
XS
SM
MD
LG