Uko wahagera

Syria Yarasubiye Kurasa ku Butaka bwa Turkiya

  • VOA Africa

Ibitero vya Mortiers vya Syria ku Butaka bwa Turkiya

Ibitero vya Mortiers vya Syria ku Butaka bwa Turkiya

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vy’igihugu ca Turkiya vyatangaje kw’izindi motriers zarashwe zivuye mu gihugu ca Syria zaguye mu bumanuko bw’igihugu ca Turkiya.

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vy’igihugu ca Turkiya vyatangaje kw’igisirikare c’igihugu ca Turkiya cishuye ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko mortiers zivuye muri Syria ziguye mu karere ko mu bumanuko bw’igihugu mu gihe hari ugutana mu mitwe gukomeye muri Syria mu ntara ya Idlib.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan yaragabishije ku musi wa gatanu ko Syria itogeregeza gupima ubushobozi bw’igihigu ca Turkiya bw’ukwishura ku bitero bibandanya ku butaka bwaco.

Igitero c’igihugu ca Syria mu gisagara ca Akcakale ku butaka bwa Turkiya cahitanye abasivile batanu imisi mikeyi y’imbere yahoo. Inyuma y’ico gitero inteko z’igihugu ca Turkiya zararashe mu bibanza biri ku butaka bwa Syria, inama nshingamateka ya Turkiya ikaba yararekuriye ibikorwa vya gisirikare hanze y’imbibe zaco hamwe vyoba bikenewe.
XS
SM
MD
LG