Uko wahagera

Ubwicanyi Muri Kaminuza Yo Mu Gihugu ca Nigeria


An undated picture released on the Mubi Federal Polytechnic school website shows the entrance of the premises in Mubi, northeast Nigeria.

An undated picture released on the Mubi Federal Polytechnic school website shows the entrance of the premises in Mubi, northeast Nigeria.

Abantu bavyiboneye bavuga kw ‘abantu 25 bishwe kuri kaminuza iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Abantu bavyiboneye bavuga kw ‘abantu 25 bishwe kuri kaminuza iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria: Ubwicanyi busa n’ubwakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho, bari barafise urutonde rw’abantu bshaka kugandagura.

Abanyeshule bo kur’iyo kaminuza yitwa Federal Polytechnic College, iri mu gisagara ca Mubi mu ntara ya Adamawa, babwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’inkoho zatanguye kwumvikana kuva isana zine zo mu gitondo ku musi wa mbere, hanyuma zirabandanya mu gihe c’amasaha atatu.

Abapolisi bavuga kw’abakoze ico gitero bategerezwa kuba bari bazi, abantu bashaka kwica. Umuvugizi w’abapolisi bo mu gisagara ca Mubi, yavuze kw’abo bantu bakoze ico gitero, binjiye mu nyumabwa ibamwo abanyeshule, iri hanze y’uburaro bwo mur’iyo kaminuza, bagaca batangura guhamagara amazina y’abantu bashaka kwica.

Umunyeshule umwe yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’abo bantu bakoze ico gitero, babajije ibibazo vyerekeye idini na politike, hanyuma baca batangura kwica abanyeshule batanze inyishu mbi.

Intara ya Adamawa, co kimwe n’izindi ntara zo mu gihugu ca Nigeria, yaratewe cane n’abarwanyi bo mu muhari Boko-Haram. Yamara abategetsi bariko baratohoza kandi niba ubwo bwicanyi bwabaye umusi umwe inyuma y’amatora y’abanyeshule, budashobora kuba bwavuye ku ndyane za politike ziri mur’iyo kaminuza.
XS
SM
MD
LG