Uko wahagera

Intumwa y’ishirahamwe O-N-U muri Syria, Avuga Kw’Ata Mugambi Uraboneka w’Ukugarukira Igihugu ca Syria


Lakhdar Brahimi Ariko Abonana na Prezida wa Syria, Bashar al-Assad
Lakhdar Brahimi Ariko Abonana na Prezida wa Syria, Bashar al-Assad
Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Abarabu mu gihugu ca Syria, Lkhdar Brahimi yatangaje kw’ibintu bitifashe neza na gato mu gihugu ca Syria, akaba ata nyinshi nyinshi yatanze ku vyerekeye uruhagarara muri ico gihugu.

Lakhdar Brahimi yaciriye ku mayange abagize urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujeje kwubahiriza umutekano kw’isi ejo ku musi wa mbere ku kugene ibintu vyifashe muri Syria.

Akaba yabwiye abamenyeshamauru inyuma yaho kw’abantu bose bahurira ku vyuko
ibintu mu gihugu ca Syria vyifahe nabi cane kandi bitera biyanzara kurushiriza.

Brahimi yarasubiyemwo kandi ivyo yari yatangaje imbere yaho kw’intamabara mu gihugu ca Syria igeramiye akarere kose n’amakungu. Yongeye avuga naho afise ivyiyumviro ku vyerekeye kugabanya uruhagagara muri Syria kw’ataratunganya umugambi uzoshikana ku nyishu ku vyerekeye urwo ruhagarara muri Syria.

Brahimi yaciriye ku mayange abagize ururwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi ku vyerekeye igihugu ca Syria ku wundi musi w’ubwicanyi muri Syria.

Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu batangaje kw’indege z’ingwano zateye amabombe mu gisagara ca Aleppo mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri, mu vyahitanye abantu batanu harimwo abana batatu.
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:08 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG