Uko wahagera

Umushingamateka Yarishwe muri Somalia


Abategetsi ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, batangaje kw’abantu bitwaje ibigwanisho batamenyekanye, barashe umushingamateka wo muri Somalia, igihe yari avuye mu musigiti, ku murwa mukuru, Mogadisho, ejo ku musi wa gatandatu.
,
Ivyabona n’abo bakorana batangaje ko Mustafa Mohamed Abdullahi, yarashwe incuro zitari nke, akaba yasansavye, ari mu nzira ajanywe mu bitaro ,vyo ku murwa mukuru, Mogadisho.

Uwo mushingamateka yari sebukwe w’uwahoze ari prezida wa Somalia, Sharif Sheikh Ahmed, yavuye ku butegetsi mu ntango z’uku kwezi. Uwamusubiriye, prezida Hassan Sheikh Mohamud yaracitse kw’icumi, kw’italiki cumi na zibiri z’ukwezi kw’icenda, inyuma yuko abihevyi batatu, bari bafise amabombe bateye ihoteri yo ku murwa mukuru, Mogadisho aho yariko ashikiriza ijambo.

Umurwi, w’intagondwa z’Aba Islamu, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero, n’ibitero bibiri vy’abaihevyi vyabaye, ku musi wa kane vyahitanye abantu cumi na batanu canke barenga, mu buriro b’abantu bakize, ku murwa mukuru Mogadisho.
.
XS
SM
MD
LG