Uko wahagera

Imyiyerekano Mishasha Yiyamiriza Amasanamu Atyoza Intumwa Muhammad Yaradutse Mu Bihugu vy’Aba Islamu


Imyiyerekano y'Ukwiyamiriza Film Ityoza Idini rya Islamu
Imyiyerekano y'Ukwiyamiriza Film Ityoza Idini rya Islamu
Aba Islamu mu bice bitandukanye vyo kw’isi baragize imyiyerekano ejo ku musi wa gatandatu aho biyamirije amasanamu ya video yashizwe ku kibanza ca internet atyoza intumwa y’aba Islamu, Muhammad.

Ku murwa mukuru w’igihugu ca Bangladesh, Dhaka, abantu cumi canke barenga barakomeretse mu guhangana kwabaye hagati y’igipolisi n’abari mu myiyerekano.

Inteko zijejwe umutekano zararashe imyuka ibabaza mu maso zongera zikoresha inembo kugira zishwiragize abantu amajana n’amajana bari mu myiyerekano bariko batera amabuye bari mu runani rw’imirwi itaari mike y’Aba Islamu. Ivyabona batangaje kw’abari mu myiyerekano baturiye imodoka, harimwo imodoka y’igipilisi. Bamwe mu bari mu myiyerekano barahaagaritswe.

Urunani rw’abayoboye imyiyerekano bateye akamo k’ukugarariza akaziz mu gihugu cose uno musi ku w’Imana mu mugambi w’ukwiyamiriza amasanamu yashizwe ku kibanza ca internet atyoza intumwa Muhammad, yatunganirijwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gihugu ca Pakistani, umushikiranganjai wa Reta yatangaje agashimwe k’ibihumbi ijana vy’ama dolari ku wuzokwica umuntu yatunganije iyo film ityoza intumwa y’Aba Islamu, Muhammad.

Abantu barenga igihumbi baragize imyiyerekano ejo ku musi wa gatandatu ku murwa mukuru w’igihugu ca Pakistani, Islamabad, aho basavye uwatunganije iyo film guhanwa.
XS
SM
MD
LG