Uko wahagera

Abakozi Bacukura Ubutare Muri Afrika y’Epfo Bari Bagararije Akazi Baragasubiyeko Inyuma Yuko Amasezerano Ashitsweko


Abakozi Bacukura Ubutare Bwa Platime muri Afrika y'epfo Bariko Batera Baja mu Kibanza ca Lonmin Platinum Mine Hafi y'Igisagara ca Rustenburg
Abakozi Bacukura Ubutare Bwa Platime muri Afrika y'epfo Bariko Batera Baja mu Kibanza ca Lonmin Platinum Mine Hafi y'Igisagara ca Rustenburg
Abantu ibihumbi n’ibihumbi mu kibanza gicukurirwamwo ubutare bwa platine, c’Isosiyete Lonmin mu gihugu ca Afrika y’epfo, barasubiye ku kazi, inyuma yuko bateye igikumu ku masezerano yerekeye imishahara yahagaritse ukugarariza akazi, kwari kumaze indwi zitanu.

Hisunzwe ayo masezerano, yataweko igikumu mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, Sosiyete Lonmin yaremeye kwongera imishahara y’abakozi bayo, ibice mirongo ibiri na biri kw’ijana, mu biri musi y’ivyo abakozi bari basavye, vyuko bohabwa umushahara w’igihumbi n’amajana atanu y’amadolari ku kwezi.

Bazohabwa kandi amadolari amajana abiri na mirongo itanu bazoronswa rimwe, y’ukubashumbusha ku mwanya bamaze batari ku kazi.

Ukugarariza kw’abacukura ubutare, kwatanguye kw’italiki cumi z’ukwezi kw’umunani, mu vyatumye habaye uguhangana hagati yabo n’abapolisi, vyahitanye abantu mirongo ine na batandatu.

Abayobozi amashirahamwe y’abakozi, batangaje kw’amasezerano bashitseko azobera akarorero abandi bakozi bacukura ubutare, batanguye imyiyerekano y’ugusaba akarusho ku mishahara yabo, mu bindi bibanza bicukurirwamwo inzahabu, platine na chrome.
XS
SM
MD
LG