Uko wahagera

Station ya Essence Yaraturitse Ihitana Abantu Mirongo Itatu Canke Barenga Mu Buraruko Bwa Syria


Abantu Bashigikiye Prezida wa Syria, Bashar al-Assad
Abantu Bashigikiye Prezida wa Syria, Bashar al-Assad
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Syrian Observatory for Human Rights, ryatangaje ko uguturika kwa station ya essence, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Syria, vyahitanye abantu mirongo itatu canke barenga, abandi batari bake barakomereka.

Ishirahamwe, Syrian Observatory for Human Rights, ryasubiyemwo ivyabona bavuga kw’iyo station yaturitse, igihe igitero c’indege y’ingwano casambura station ya essence, mu ntara ya al-Raqqa.

Umuyobozi w’ishirahamwe The Syrian Observatory for Human Rights, yatangaje kw’ivyabona bamubwiye ko babonye ibiziga vy’abantu mirongo itatu canke barenga, mu gihe bisa nuko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

Amakuru yatangajwe imbere yaho, yavuze kw’abantu mirongo itanu, canke barenga, barapfuye mw’iturika y’iyo station ya essence.

Muri ico gihe, televiziyo ya Reta y’igihugu ca Syria, yatangaje kw’indege ya kajugujugu y’ingwano, yagize isanganya hafi y’umurwa mukuru, Damas, yasetse igice c’inyuma c’indege itwara abantu y’igihugu ca Syria, mu kirere.

Televiziyo ya Reta yamenyesheje kw’iyo ndege itwara abantu yashoboye kwururuka neza, ku kibuga c’indege mpuzamakungu, co ku murwa mukuru, Damas. Iyo ndege yarimwo abantu amajana abiri.
XS
SM
MD
LG