Uko wahagera

Umurwi Boko Haram Urikekwa Iyicwa ry’Abanya Nigeria Bakomeye Babiri


Abantu bikakwa kw'ari Abanywanyi b'Umurwi Boko Haram
Abantu bikakwa kw'ari Abanywanyi b'Umurwi Boko Haram
Abategetsi b’igihugu ca Nigeria, batangaje ko bemera kw’abagwanyi b’umurwi Boko Haram bishe uwahoze ari umukuru w’amabohero, n’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Borno.
Abo bantu babiri bapfuye, inyuma y’ibitero bitandukanye vyabaye, mw’ijoro ryo ku musi wa mbere.

Abategetsi bajejwe umutekano batangaje kw’abantu bitwaje ibigwanisho barashe Ibrahim Jarma, yahoze ari umukuru w’amabohero, muri Nigeria, mu ntara ya Bauchi, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria.

Abategetsi bo muri iyo ntara, bavuze ko Jarma yarashwe, inyuma yuko avuye mu bisabisho vyo ku muhingamo, mu musigiti uri hafi y’imuhira iwe, mu gisagara ca Azare.

Mu ntara ya Borno, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, abategetsi ba Reta, batangaje kw’abantu bitwaje ibigwanisho, bateye umushikirizamanza mukuru, Zanna Malam Gana, I muhira iwe, mu gisagara ca Bama.

Umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, Boko Haram, ntiwiyitiriye iyicwa rya Ibrahim Jarma, na Zanna Malam Gana.

Ivyo bitero vyabaye, amasaha makeyi inyuma yuko inteko z’igihugu ca Nigeria zitangaje ko zishe uwikekwa kw’ari umuvugizi w’umurwi Boko Haram, azwi kw’izina rya Abul Qaqa. Nta makuru ahari yemeza ko yapfuye.
XS
SM
MD
LG