Uko wahagera

Umwihevyi Yari Afise Bombe Yarayiturikije Ahitana Abanyamahanga Hafi y’Umurwa Mukuru wa Afghanistani, Kabul


Igitero c'Umwihevyi muri Afghanistani
Igitero c'Umwihevyi muri Afghanistani
Umwihevyi, yari afise bombe yarishe abantu cumi na babiri canke barenga, mu gitero cabaye kuri mini-bus, yari ijanye abanyamahanga, hafi y’umurwa mukuru w’igihugu ca Afghanistan, Kabul.

Igipolisi catangaje kw’abakozi icenda b’abanyamahanga, umudereva wabo w’Umunya Afghanistani n’abandi Banya Afghanistani babiri bishwe, igihe uwo mwihevyi yaturitsa imodoka yari yuzuye amabombe, hafi y’iyo bus, yari itwaye abanyamahanga, ejo ku musi wa kabiri, kw’ibarabara rikuru rijana ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru wa Afghanistani, Kabul.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Afrika y’epfo, bwaremeje ko munani mu bantu icenda bapfuye, bari Abanya Afrika y’epfo.

Ibiro vya prezida wa Afghanistani, vyatangaje kw'umunyamahanga agira icenda, mu bapfuye yava mu gihugu ca Kyrgyzstani.

Ubushikiranganji, bujejwe migenderanire bw’igihugu ca Afghanistani, bwariyamirije yivuye inyuma ico gitero, mu kuvugako kigayitse, kandi kitagira insiguro na gato.

Umugwi, w’Abagwanyi Hezb-e-Islami wo muri Afghanistani, niwo wiyitiriye ico gitero.

Uwo mugwi watangaje warungitse umwihevyi w’umupfasoni, mu mugambi w’ukwishura ku masanamu ya video atyoza idini rya Islamu, yatumye haba imyiyerekano, mu bice bitandukanye vyo kw’isi, harimwo igihugu Afghanistani.
XS
SM
MD
LG