Uko wahagera

Mitt Romney Ariko Agerageza Gutua Igikorwa Ciwe c’Ukwiyamamaza Gisubira ku Murongo


Mitt Romney Yishura kuri Video Yafashwe mu Mpisho Kuvyo Yatangaje
Mitt Romney Yishura kuri Video Yafashwe mu Mpisho Kuvyo Yatangaje
Mitt Romney ariko aserukira umugambwe w’Aba Republicains' mu matora ya prezida azoba muri Amerika, mu kwezi kw’icumi na rimwe, yaragerageje gutuma igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza gisubira ku murongo, ejo ku musi wa kabiri, inyuma yuko ivyo yatangaje muri video yafashwe mu mpisho bishavuje abashigikiye prezida Barack Obama.

Romney yumvikana muri iyo video avuga kw’ibice mirongo ine n’indwi vy’abatora muri Amerika, bashigikiye Obama, batariha amatagisi, ko babona ko bategerezwa kuvurwa n’ukuronswa izindi nfashanyo za Reta, mu gihe batarondera kwigwanako, mu buzima bwabo.

Yaremeye, ejo ku musi wa kabiri, kw’ivyo yatangaje atabishikirije mu buryo bwiza, yamara yavuze kw’azobandanya kuvugira ivyerekeye, kugabanya igitigiri c’abantu bakorera Reta.

Umuvuguzi w’ibiro vya prezida wa Amerika, Jay Carney, yatangaje ko prezida Obama atabona kw’abaronswa infashanyo na Reta nk’abanyeshule, ari abantu ataco bimariye.
XS
SM
MD
LG