Uko wahagera

Abanyapakistani Bari mu Myiyerekano Baragerageje Kuja mu Kibanza c’Abaserukira Amerika


Abanyapakistani amajana n’amajana bariko biyamiriza amasanamu ya video atyoza idini rya Islamu yatunganijwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika baratanye mu mitwe n’igipolisi igihe bagerageza gutera baja mu kibanza kirimwo inyubakwa y’abaserukira Amerika mu gisagara ca Karachi mu bubamuko bw’igihugu.

Igipolisi co mu gisagara ca Karachi cararashe imyuka ibabaza mu maso n’imiringo y’amazi ku bari mu myiyerekano ejo ku musi w’Imana igihe bariko begereza kwegera ikibanza c’abaserukira Amerika cari gikingiwe bikomeye.

Umukuru w’igipolisi co mu gisagara ca Karachi, Iqbal Mahmood yatangaje kw'uguhangana hagati y’igigpolisi n’abari mu myiyerekano vyakomerekeje abantu umunani. Iyo myiyerekano yari yataguwe n’umurwi w’aba Islamu b’aba Shi’ites.

Mu gisagara ca Lahore mu gihugu ca Pakistani, abantu bagera ku bihumbi bitanu baragize imyiyerekano y’ukwiyamiri film ityoza idini rya Islamu. Imyiyerekano yaranzwe n’amahoro yaragirishijwe mu bindi bisagara bitari bike vyo mu gihugu ca Pakistani.

Naho imyiyerekano mu bihugu vy’aba Islamu yari ikomeye cane ku musi wa gatanu uheze, muri rusangi yagabanutse, umurwi mutoyi w’abari mu myiyerekano waraturiye ibendera rya Amerika hanze ya Ambassade ya Amerika, ku murwa mukuru w’igihugu ca Turkiya, Ankara ejo ku musi w’Imana.
XS
SM
MD
LG