Uko wahagera

Abagwanyi b’Umurwi al-Shabab Bariko Barava mu Gisagara ca Kismayo


Abagwanyi b'umurwi al-Shabab
Abagwanyi b'umurwi al-Shabab
Ivyabona batangaje kw’abagwanyi b’umurwi al-Shabab bariko barava mu gisagara ca Kismayo mu bumanuko bwa Somalia, igisagara kinini cane cari kikiri mu minwe y’abagwanyi b’umurwi al-Shabab.

Ababa mu gisagara ca Kismayo babwiye Ijwi rya Amerika, kw’abayobozi b’umurwi al-Shabab baza barahunze, kw’abagwanyi babo batanguye kuva mu gisagara ca Kismayo, ejo ku musi w’Imana, inyuma y’ugutana mu mitwe gukomeye n’inteko za Somalia hamwe n’inteko z’igihugu ca Kenya.

Abatari bake bavuagwako bishwe, mu gihe umutegetsi akomeye w’inteko za Somalia yavuze kw’umurwi al-Shabab watsinzwe. Ivyerekeye iyo abagwanyi b’umugwi al-Shabab bateye baja ntibitomoye.

Amakuru ku bisa nuko umurwi al-Shabab watsinze, yaje mu gihe prezida mushasha wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamud yarahiye mu mabanga y’ukuyobora Somalia ku murwa mukuru, Mogadisho.

Prezida Mohamud yatangaje kw’azogira umutekano ikibazo nyamukuru, mu kwiyemeza kugarukana ubumwe mu gihugu ciciyemwo ibice.
XS
SM
MD
LG