Uko wahagera

Imyiyerekano y’Ukwiyamiriza Amerika yarabaye mu karere k’Abarabu Inyuma ya Film Ityoza Aba Islamu.


Imyiyerekano muri Libya

Imyiyerekano muri Libya

Abari mu myiyerekano amajana n’amajana barinjiye mu kibanza kirimwo Ambassade ya Amerika mu gihugu ca Yemen ejo ku musi wa kane, imwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza film ityoza idini rya Islamu yatunganirijwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abararira ico kibanza bakoresheje imiringoti y’amazi bongera barasa mu kirere kugira bashwiragize abari mu myiyerekano ku murwa mukuru wa Yemen, Sana’a. Imodoka zitari nke zari muri ico kibanza zaraturiwe, mu gihe abantu batari bake bakomeretse.

Imyiyerekano yarabaye kandi mu bisagara vya Cairo, Teheran, Bagdad na Dhaka aho abari mu myiyerekano biyamiriza igihugu ca Israel, bongera baturira ibendera rya Amerika.

Secreteri wa Departement ya Amerika, Hilary Clinton yariyamirije film yatunganirijwe muri Amerika ityoza intumwa y’aba Islamu, Muhammad. Yatangaje kw’iyo film igayitse, kandi ko ifise umugambi umwe rudende w’ugutyoza idini rikomeye n’ugutuma aba Islamu bashavura cane.

Yamara yemenyesheje ko Reta ya Amerika ata ruhara na rumwe ifise ku vyerekeye iyo film, akaba yavuze kw’ata nsinguro ihari ku vyerekeye ubwicanyi.

Prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi yariyamirije nawe nyene ejo ku musi wa kane iyo film n’ubwicanyi n’uruhagarara vyateye.

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’abategetsi b’igihugu ca Libya bariko baratohoza iturirwa ry’ikibanza c’abaserukira Amerika mu gisagara ca Benghazi ku musi wa kabiri vyahitanye Ambasaderi Christopher Stevens n’abandi bakozi ba Ambasade batatu.
XS
SM
MD
LG