Uko wahagera

Umunyamerika Niel Armstrong, Umuntu wa Mbere Yatembeye ku Kwezi Yaritavye Imana


Astronaut Neil Armstrong (2012 photo)
Astronaut Neil Armstrong (2012 photo)
Umunyamerika Niel Armstrong, yahoze ari umu Astronaute yabaye umuntu wa mbere yatembeye ku kwezi yaritavye Imana.

Itangazo ry’umuryango wiwe ryamenyesheje ko Armstrong yari afise imyaka mirongo umunani n’ibiri yitavye Imana ejo ku musi wa gatandatu mu ntara yiwe y’amavuko ya Ohio, inyuma yuko abazwe umutima mu ntango z’uku kwezi.

Armstrong niwe yayoboye ikigendajjuru, Apollo 11 cururukiye ku kwezi kw’italiki 20 z’ukwezi kw’indwi mu mwaka w’1969.

Armstrong yamaze hafi y’amasaha atatu atembera ku kwezi ari kumwe na mugenziwe wundi w’umu Astronaute, Edwin Aldrin.

Armstrong, Aldrin n’umu Astronaute agira gatatu, Michael Collins barakiwe n’abantu isinzi mu ma defile yabaye mu bisagara vya New York City, Chicago na Los Angeles. Mu nyuma yaho baragiye mu bihugu bitari bike vyo kw’isi.

Ugutembera ku kwezi kwa Armstrong vyaranze intsinzi ya Amerika ku rugamba rw’ukurungika ibigendajuru mu kirere ku Bumwe bw’Aba Soviets, urugamba rwari rwatanguye mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’1957 igihe Ubumwe bw’Aba Soviets bwarungika satellite, “Sputnik 1”.

Mw’itangazo ejo ku musi wa gatandatu, prezida wa Amerika, Barack Obama yavuze ko Armstrong ari mu ntwari zikomeye cane z’Abanyamerika.
XS
SM
MD
LG